5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiMessager Ngozi mu nzira yo gutwara igikombe

Messager Ngozi mu nzira yo gutwara igikombe

Intsinzi ya Messager Ngozi y’ibitsindo 2 kuri 1 ca BS Dynamik yatumye Messager Ngozi yiyongera amahirwe yo gutahukana igikombe ca Primus league co muri uno mwaka (2019-2020).

Messager Ngozi isigaje urukino rwa Inter Star hamwe na Olympic Star ikaramuka itsinze urukino rumwe gusa urundi ikarutakaza izoba itwaye igikombe ca Primus league co muri uyu mwaka kuko izoba ikwije amanota 61, ati kuberiki : naho Musongati Fc yotsinda inkino zibiri zose zisigaye yoca ishikana amanota 61 nayo nyene ikaba inganije na Messager Ngozi ico abantu boca baraba ni uko iyo migwi yatsindanye mu nkino zibiri zabahuje.

Amahirwe yoca aba aya Messager Ngozi kuko mu rukino rwo gutangura yatsinze Musongati igitsindo 1-0 , mugihe urwo gusubiriza iyo migwi yose yanganije igitsindo 1-1.

Messager Ngozi ikaramuka itwaye ico gikombe c’ihiganwa rya Primus league kizoba kije gikurikira icari kihasanzwe batwaye mu mwaka wa 2018.

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...