5.5 C
New York
Saturday, October 16, 2021
HomeBurundiIkigo OBR kirashima umwimbu cakuye mu kurwanya urudandazwa rutemewe n'amategeko

Ikigo OBR kirashima umwimbu cakuye mu kurwanya urudandazwa rutemewe n’amategeko

Umwimbu uturutse mu kurwanya urudandazwa rutemewe n’amategeko ngo wariyongereye ugereranije n’uwatojwe mu mwaka uheze.

Mu kiganiro umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR yagiraniye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi umwaka w’2020, amenyesha ko Umwimbu uturutse mu kurwanya urudandazwa rutemewe n’amategeko ngo wariyongereye ugereranije n’uwatojwe mu mwaka uheze aho wavuye ku mafaranga yababa imiriyoni amajana atatu na mirongo itandatu (360 millions de Fbu) ukaja ku miriyoni yababa amajana ane na mirongo itanu (450 millions de Fbu), ayo akaba ngo yatojwe kuva muri Nzero gushika muri Rusama uwu mwaka.

Umuyobozi Audace Niyonzima avuga ko ahanini yatojwe mu bitenge, amaterefone, ibinyobwa n’ibindi vyafashwe vyinjizwa mu gihugu bidakurikije amategeko.

- Advertisment -

Must Read

Yvan Muziki yoba yagize ubugeni n’umunyarwandakazi Marina?

0
Ku musi w’ejo habonetse amashusho n’amasanamu ya Yvan Muziki hamwe n’umukunzi wiwe akaba n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Marina, baboneka mu mwambaro w’ubugeni. Ayo mashusho akaba yabonetsemwo abantu...