5.5 C
New York
Sunday, September 19, 2021
HomehomepageSaido na Selemani bahaye ya mfashanyo abanya Gatumba

Saido na Selemani bahaye ya mfashanyo abanya Gatumba

 


Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 30 Rusama 2020, isaha zitanu zo mu gitondo 11h00 niho abahoze ari aba kizigenza b’umugwi w’intamba mu rugamba Ndikumana Yamin Selemani hamwe na Ntibazonkiza Saido bashikiriza abanya Gatumba batwawe n’umwuzurire wa rusizi ya mfashanyo bari begeranije.

Abo banya Gatumba batwawe n’umwuzurire w’uruzi Rusizi bakaba bari ahitwa Kigaramango ni mu Gatumba nyene Commune Mutimbuzi.

Zimwe mu mfashanyo babashiriye akaba ari ibiro 500 vy’umuceri , ibiro 500 y’ibiharage , uburengeti 200, imipfuko ndwi (7) y’imisegetera , ibiro 25 vy’ingano hamwe n’ikarato 30 z’isabuni.

Mwomenya y’uko imbere y’uko abo banya Gatumba bashikirizwa iyo mfashanyo hari habanje gutegurwa urukino rwa kivandimwe barihishije kugira begeranye uburyo bukwiye  bwo gufasha abo banya Gatumba rukaba rwari rwahuje Team Saido hamwe na Team Selemani.

- Advertisment -

Must Read

Dj Philbert aremeza ko yakuwe mu ndirimbo bari bakoranye na Sat-b...

0
Dj Philbert yemeje amakuru avugwa ko yoba yarakuwe mu ndirimbo 1 mu ziri muri EP ya Belle Nice. Aho ngo ni mu gihe yari...