5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home Burundi Rumonge : Iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika ryononye vyinshi

Rumonge : Iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika ryononye vyinshi

Amahegitari arenga mirongo itanu ari ahitwa mu Gatakwa, ni muri Komine hamwe n’intara ya Rumonge yahora yimburwamwo umuceri, ibigori n’ibindi biterwa bitandukanye, niyo amaze guhitanwa n’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika.

Abel Ndayishimiye arongoye ibiro vy’intara bijejwe gukurikirana ibidukikije, uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Rumonge akaba yabishikirije mu rugendo ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi buriko buragira mu mihingo itandukanye mu ntumbero yo kuraba ivyahitanywe n’iduga ry’amazi y’ico kiyaga hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.

Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema ahamagarira umuntu wese kugira ico aterereye mu gukingira ibidukikije aho aherereye hose.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...