HomefootballAmissi Bagumako ngo yari yabibonye kuva kare y'uko azosezerera Aigle Noir

Amissi Bagumako ngo yari yabibonye kuva kare y’uko azosezerera Aigle Noir

Inyuma yo gusezerera umugwi wa Aigle Noir The Fighters bawutsinze ibitsindo 2-1 mu rukino rwo gusubiriza rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu , Umumenyereza wa Rukinzo Fc Amissi Bagumako yashimishijwe n’iyo ntsinzi mbere aranavuga y’uko kuva kera yari afise icizere co gusezerera umugwi wa Aigle Noir the Fighters bivanye n’intege nke berekanye kuva mu rukino rwo gutangura.

“kuva kera nari mfise icizere co gusezerera Umugwi wa Aigle Noir The Fighters bivanye n’ingene nababonye mu rukino rwa mbere “.

Bagumako Amissi akaba akwije inkino 10 zikurikiranya adatsinzwe n’urukino na rumwe mbere akaba ari nawe yatahukanye agashimwe k’umumenyereza yigenjeje neza mu kwa gatatu ako gashimwe kakaba kitwa BCM ( Best Coach of The Month ).

- Advertisment -

Must Read

Indyane z’amoko zahitanye 338 muri Ethiopia

0
Abantu 338 nibo bemezwa na Leta ya Ethiopie ko biciwe mu gitero cabaye mu ntango z'ukwezi kwa 6 mu gace ka Oromia. Ico gitero cagirijwe...