5.5 C
New York
Wednesday, January 19, 2022
HomehomepageLydia Nsekera arabeshuza ibimuvurwako

Lydia Nsekera arabeshuza ibimuvurwako

Izina ry’umupfasoni Lydia Nsekera umurundikazi asanzwe arongoye CNO ryaravuzwe mu binyamakuru vyo muri Africa ko ariwe ahabwa amahirwe yo kurongora ishirahamwe rihuza amashirahamwe y’umupira w’amaguru CAF

Indundi sports ikibibona biciye ku mumenyeshamakuru wayo Arsène Bucuti yihutiye kubaza uwo mupfasoni ko iyo nkuru yoba ariyo ariko Nsekera akaba yishuye umumenyeshamakuru wacu ko iyo nkuru atariyo ahubwo ari igihuha.

Si irya mbere uwo mupfasoni abeshewe n’ibinyamakuru kuko mu misi yaheze yabeshewe ngo yoba yafashwe n’ikiza ca Corona virus ariko bikaba atarivyo .

Indundi sports irateye intege uwo mupfasoni ariko arateza imbere inkino kw’isi mbere anatuma igihugu cacu kimenyekana mu makungu.

Mwomenya y’uko Lydia Nsekera yigeze kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB hagati ya 2004 na 2013 akaba ari mubagize inama nyobozi ya FIFA hamwe n’akanama kajejwe inkino kw’isi Comité international olympique.

- Advertisment -

Must Read

Indyarya ya Emery Sun ngo niyo yaje guhumuriza abatari abakunzi b’ibishegu

0
Umuririmvyi w’umurundi azira igishegu ngo ni Ir Emery Sun, ivyo ni ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi akaba kandi n’umuhinyanyuzi Pacifique Nzitonda benshi bazi nka Paci Etoile...