5.5 C
New York
Saturday, September 25, 2021
HomeBurundiBagiye kuza bagura EP ya Andy Mwag vyoroshe

Bagiye kuza bagura EP ya Andy Mwag vyoroshe

Akoresheje urubuga huriro, Instagram, Andy Mwag yashikirije ijambo ry’ihumure abakunzi b’ibikorwa vyiwe bari I Burundi ko ubu bashobora kuronka EP 1 yiwe mu Burundi.

Ku rupapuro bakunze kwita mu kinyamazuru Cover, Andy yamenyesheje ko ubu bikunda ko umuntu ari I Burundi ashobora kugira indirimbo ziwe, akariha akoresheje Lumicash canke Ecocash.

Iyo EP 1 yiwe igizwe n’indirimbo 5 akaba yamenyesheje ko igurwa amafaranga 10,000 vy’amafaranga ya hano iwacu. Urangije kuriha akaba ngo baheza bakakurungikira Link uheza ukazitorako.

Nkuko yigeze kubishikiriza mu kiganiro yakoreye I Kigali, Andy yamenyesha ko ivyo yabikoze mu ntumbero yo kworohereza abashaka kugura indirimbo.

Ubwo buryo abushizeho inyuma yaho ahereye kubikorera I Kigali, aho asanzwe ariko arakorera cane. Ho urwo rukurikirane rukaba rugurwa 8,000 frw, nukuvuga hafi 24,000 vy’amafaranga ya hano iwacu.

Ariko naho biruko, uwo muririmvyi akaba aheruka kuvugira mu kiganiro yagiranye na DJ Phil Peter muri Isibo TV mu kiganiro The Choice I Kigali, ko iyo EP 1 iboneka no ku mbuga ngurukanabumenyi zigurishirizwako indirimbo.

- Advertisment -

Must Read

Hamenyekanye izina ry’igikorwa Masterland agira asohore

0
Ni mu gihe twari duheruka kumubona mw'ihiganwa rya Tagata na Primustar aho yashitse mu gice gishira ica nyuma ariko ntiyaronka amahirwe yo gutahukana agashimwe...