5.5 C
New York
Tuesday, April 13, 2021
Home Basketball Hamenyekanye imirwi izokina inkino za nyuma muri Basket

Hamenyekanye imirwi izokina inkino za nyuma muri Basket

Gymkana,Urunani ,New stars na les hyppos niyo mirwi yaraye ironse itike ryo gukina inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma.

Kuva kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 ruheshi 2020 urwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe ry’imvukira za Jabe rwaratunganije ihiganwa rya basket rubifashijwemwo na Apotre Jean Paul Manirakiza arongoye ishengero Holy center.

Inkino zatangujwe n’urukino rwa Gymkana na Mutanga united ku kibuga c’ubushikiranganji bita département, muri urwo rukino Gymkana niyo yarahukanye intsinzi y’amanota 66 kuri 53 ya Mutanga United .

Ku w’Imana naho Urunani rwatsinze Muzinga ku manota 82 kuri 45. Kuri uyo musi nyene New Stars yatsinze Les hyppos 61 kuri 51 bica bituma les hyppos izobandanya ihiganwa kuberako muzatsinzwe ariyo yatsinzwe make.

Armel Abdallah Hakizimana yatunganije iryo higanwa yarashimiye abitavye iryo higanwa acashimira na Apotre Jean Paul Manirakiza yabafashe mu mugongo.

Must Read

Rayvanny aseseye agafu Harmonize mu kuvuga ko yashatse kurya inkoko n’amagi...

0
Mw’isezerano rya kera ku basanzwe bemera Bibiliya, hari ahavuga ko ukwihora birekuwe, bati n’ijisho ku rindi, na Rayvanny nawe nivyo yaraye akoze ku rubuga...