5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeAba nibo bakinyi 5 b'abanyamahanga binjije ibitsindo vyinshi muri Espagne

Aba nibo bakinyi 5 b’abanyamahanga binjije ibitsindo vyinshi muri Espagne

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 22 Ruheshi 2020, niho ikimenyeshamakuru AfriMag cashize ahabona abakinyi 5 bakina hanze y’igihugu ca Espagne bamaze kwandikisha amateka muri La liga mu gutsinda ibitsindo vyinshi.

Karim Benzema umufaransa asanzwe akinira umugwi Real Madrdi yaraye asumbije ibitsindo umunya Cameroun Samuel Eto’o ivyo bikaba vyabaye inyuma yo gutsinda ibitsindo 2 wenyene mu bitsindo 3-0 Real Madrid yatsinze Valence, akaba yaciye akwiza ibitsindo 163 mugihe Samuel Eto’o yari afise ibitsindo 162.

Mu rutonde rw’abakinyi babanyamahanga bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi mu mateka ya la liga , Lionnel Messi afata ikibanza ca mbere n’ibitsindo 440 agakurikirwa na Cristiano Ronaldo yinjije ibitsindo 311 , mugihe ikibanza ca Gatatu ari ica Hugo Sanchez afise ibitsindo 234.

Abakinyi 5 b’abanyamahanga bafise amateka mu gutsinda ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo muri Espagne La liga bakaba bakurikirana uku gukurikira

1) Lionel Messi ( Fc Barcelona ) afise ibitsindo 440

2) Cristiano Rinaldo ( Real Madrid ) afise ibitsindo 311

3) Hugo Sanchez ( Rayo Vallecano , Real Madrid na Athletico Madrid ) afise ibitsindo 234

4) Karim Benzema ( Real Madrid ) afise ibitsindo 163

5) Samuel Eto’o ( Majorque hamwe na Fc Barcelona) afise ibitsindo 162

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...