5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomeCAN2019Iddy Museremu umwami w'ibitsindo mw'ihiganwa ryo muri uno mwaka

Iddy Museremu umwami w’ibitsindo mw’ihiganwa ryo muri uno mwaka

Mugihe ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league 2019-2020, ryaraye rirangiye haraye hamenyekanye umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi gusumba abandi uwo nawe ni Iddy Museremu akinira umugwi Messager Ngozi umaze gutahukana igikombe c’uyu mwaka.

Museremu Iddy akaba yarangije ihiganwa afise ibitsindo 19 , agakurikirwa na Nshimirimana Jospin akinira Umugwi Aigle Noir The Fighters afise 18 , mugihe uwufata ikibanza ca gatatu ari Nihoraho Arsene akinira Umugwi Olympic Star .

Nkuko twabisomye ku rubuga rwa Academy le Messager mu bitsindo 19 Iddy Museremu yinjije uno mwaka , imigwi 11 kuri 15 yariko ikina ihiganwa ry’uno mwaka Iddy Museremu ariyo yashoboye gutsinda nimiburiburi igitsindo kumwe.

Imigwi 11 yashoboye gutsinda niyi ikurikira:

1. Olympic Star : 3 (aller 1, retour 2)
2. Les Lierres : 3 (aller 3, retour 0)
3. Vital ‘ô : 2 (aller 2, retour 0)
4. Aigle Noir : 2(aller 1, retour 1)
5. Rukinzo : 2 (aller 2, retour 0)
6. Flambeau du Centre : 2 (aller 0, retour 2)
7. Lydia Ludic : 1(aller)
8. Ngozi City : 1 (aller)
9. Bujumbura City : 1 (retour)
10. B.S. Dynamique: 1 (retour)
11. Inter Star : 1 (retour)

Imigwi 4 atatsinze nayo niyi :

1. Musongati FC
2. Bumamuru FC
3. Athletico Academy
4. Kayanza United

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...