5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# Indundi Sports | Youssuf Nyange yanjije igitsindo ciwe ca mbere muri...

# Indundi Sports | Youssuf Nyange yanjije igitsindo ciwe ca mbere muri Turky

Kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 27 Ruheshi 2020, ihiganwa ryo mu gihugu ca Turky ryari riteye ku ndwi yaryo ya 29 .

Umugwi fenerbahce wari wakiriye umugwi Yeni Malatya Sport ukinamwo umukinyi w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf nyange ,urwo rukino rukaba rwarangiye Fenerbah wirahiye Yeni -Malatya Sport ibitsindo 3-2.

Naho batakaje urwo rukino Youssuf Nyange yateturuye umugwi wiwe mu kuwutsindira igitsindo ndetse aranatanga n’umupira uvyara igitsindo .

fenerbahce niwo yatanguye gutsinda igitsindo ca mbere biciye kuwitwa Muriqi Ku munota wa 70 w’urukino , Ndayishimiye Youssuf Nyange arakigombora Ku munota wa 81, asubira atanga umupira mwiza uvyara igitsindo ca kabiri cinjijwe na Donald Ku munota wa 89 , ugusamara kw’abakinyi binyuma b’umugwi Yeni -Malatya Sport kwatumye umukinyi Tufan agombora igitsindo ca kabiri Ku munota w’inyongera ni ukuvuga umunota wa 91 asubira kandi atsinda ica gatatu Ku munota wa 96 urukino rurangira fenerbahce utsinze 3-2 .

Rikaba ribaye irigira kabiri uwo mukinyi wa kera wa Aigle Noir yitwaye neza no mu rukino ruheruka yataze umupira mwiza wavyaye igitsindo ca kabiri arico cabahaye itsinzi .

Mwomenya ko urwo ari urukino rugira Kane Ndayishimiye Youssuf Nyange akina muri uwo Mugwi Yeni Malatya Sport .

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...