5.5 C
New York
Sunday, July 25, 2021
Homeabakinyi bakina hanze#breaking News| Diaspora|Inès Nezerwa yaronse umurwi mu Budagi

#breaking News| Diaspora|Inès Nezerwa yaronse umurwi mu Budagi

 

Abarundi barayamaze ngo akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze, Inès Nezerwa yaraye amenyesheje ko agiye kuva ku mugabane wa Amerika yerekeze i Bulaya mu Budagi.

Damen basketbal Bundes ligen niho umurundikazi yahoze muri Berco stars anakira Ubumwe basketball Inès Nezerwa batazira Giti agiye kubarizwa inyuma y’imyaka mike yiga akongera agakinira kaminuza Iowa State yo muri leta zunze ubumwe za Amerika.
Giti akaba yaramaze umwaka wose ikina ku mugabane wa America akaba yarashoboye gushitsa inkino zigera ku 29 .

None Ines Nezerwa ni nde?

Uwo mukinyi mpuzamakungu w’urukino rw’amaboko Basket-ball yavutse kw’igenekerezo rya 2 kigarama umwaka w’igihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo icenda na gatatu avukira mu gisagara ca Bujumbura. Giti yamuka kuri Mélance Nihozeko na Ruzoviyo Candide akaba avukana n’abahungu batanu harimwo umunyamideli Drigue na Fleury Nihozeko akina urukino rwa Judo (yatwaye umudali w’inzahabu mw’ihiganwa rya Afrika ry’abakiri bato),amashure yisumbuye yayigiye kuri lycée SOS ari naho Berco stars yamumenyeye mu rukino rwahuza SOS na Lycée Ngagara ,umwigisha Lazaro acamusaba ko yoza muri Berco stars.

Ubudagi muri basket bwoba buhagaze gute ku rutonde rw’isi?

Twisunze umwaka wa 2020 muri basket kw’isi , u Budagi mu bagabo n’ubwa 13 mu gihe tubusanga mu kibanza ca 38 mu bakenyezi

Mwomenya ko mu mibereho ya misi yose, Nezerwa Inès ari umwigeme yitonda,aciye ubwenge kandi akerebutse

- Advertisment -

Must Read

Urunwarunwa nirwo Alvin Smith yarakeneye ku bantu  

0
Ibura ry’amasamanu y’urubanza rwiwe ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha ngo vyari bifise impamvu, ivyo bishikirizwa na Alvin ubwiwe mu kiganiro aheruka guha mugenzi wacu...