Youssuf Nyange ku rutonde rw’abakinyi 11 baranze indwi ya 29 muri Turkie

0
538

Inyuma yo gutanga umupira mwiza wavyaye igitsindo mu ndwi iheze ndetse akanatsinda igitsindo ciwe ca mbere muri Turkie kikanaba n’icambere ashitse muri Yeni Malatya Sport , Ndayishimiye Youssuf Nyange yashizwe ku rutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza mu ndwi ya 29 y’ihiganwa ryo muri Turkey(Turkish Super league) .

Nyange akaba ariko arigaragaza mu mugwi Yeni Malatya Sport mu gihe ataranahabwa umwanya ukwiye wo gukina muri uwo mugwi . mu nkino zine zose amaze gukina yama agombora .

Nyange akaba ariwe mukinyi wa mbere w’umurundi muri kino gihe akina mw’ihiganwa rikomeye gusumba abandi .

Akaba yagiye muri uwo mugwi avuye mu mugwi Aigle Noir The Fighters wafashe ikibanza ca 3 mw’ihiganwa Primus league ry’uyu mwaka wa 2019 gushira 2020.