5.5 C
New York
Monday, January 18, 2021
Home abakinyi bakina hanze #Diaspora|Ramadhan kuva mu Burundi akaja muri Manchester United nivyo vyamushikanye...

#Diaspora|Ramadhan kuva mu Burundi akaja muri Manchester United nivyo vyamushikanye muri Espagne

 

Largie Ramadhan Umurundi akanagira n’ ubwene gihugu bw’u Bubirigi ku myaka 19 yahora akinira  Manchester United umurwi w’abakiri bato wa B, yanse ko yongereza amasezerano muruwo mugwi yerekeza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri muri Espagne mu Mugwi UD ALMEIRA.

Ku musi wa kabiri w’ igenekerezo rya 30 Ruheshi 2020, niho Largie Ramadhan yanditse ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Instagram yiwe avuga ko agiye kuva mu Mugwi Manchester united .

Akaba yanditse agira ati” Ndashobora gushimira umugwi hamwe n’abarorerezi , nize vyinshi ngaha, ngiye na Souvenirs nyinshi inyuma y’umwaka wanje mwiza nagize muri Carriere yanje ”

Largie Ramadhan akaba yagiye muri Manchester United mu mwaka wa 2018 avuye muri Charlton Athletic.

Akaba yari amaze gukina mu Mugwi wa Manchester united w’abakuze mu rukino rwa Europa league rwigeze kubahuza na Astana.

Largie Ramadhan akaba amaze gukinira umugwi nserukira gihugu w’u Bubirigi w’abatarenza imyaka 19 hamwe na 21 , Murumunawe Diamant Ramadhan akina inyuma wewe amaze gukinira Umugwi Nserukira gihugu w’Intamba mu Rugamba .

Mu kiganiro twigeze gukorana na Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constatin ariwe yazanye Saido Berahino na Gaél Bigirimana yatwemereye ko ariko arakora uko ashoboye kugira ashobore kuzana uwo mukinyi nawe mu Mugwi nserukira gihugu.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...