5.5 C
New York
Friday, September 24, 2021
Homefashion&styleImideri nkahamwe yokwitabwaho, irafise akamaro kanini mw'iterambere ry'Igihugu.

Imideri nkahamwe yokwitabwaho, irafise akamaro kanini mw’iterambere ry’Igihugu.

Mu kiganiro Imideri Times kigiye kuza kiraca kuri Indundi Tv, hagiye kuza haritabwaho cane Imideri ndetse n’abanyamideri.

Mu kiganiro twakoranye na Aisha KWIZERA abenshi bazi cane nka La Diva asanzwe ari umunyamideri akaba ari nawe azoza arabashikiriza ico kiganiro ndetse aza yaranagitanguye twarayaze vyinshi cane aho yashoboye kugerageza gusigura igisata c’imideri n’akamaro k’imideri n’abanyamideri

Ayaga na Indundi Tv yagiza ati:“Imideri mugihugu cacu iri hasi cane nta n’agaciro Abarundi baha imideri ariko muvyukuri nuko biva kuhandi bagenda babibona ariko bakibagira ko imideri mu Burundi yisa kandi ifise akanovera yisangije”

Uti gute:
“Mu Burundi nico gihugu kivamwo impuzu z’ibiti abantu iyo babonye ikintu batazi cane cane iyo mu makungu , baripfuza kumenya ico kintu icarico no kumenya aho gikomoka ariko Abarundi benshi ntibabona agaciro k’imideri n’abanyamideri kuko batamenya nico vyomarira igihugu.
Kubw’ivyo bisaba ko baza tugakanguka tukanashigikira ico gisata kuko iyo gishigikiwe kigakoreshwa neza ari igisata gishobora kuzana iterambere ndetse no kubutunzi bw’igihugu”

Muri kino kiganiro Aisha KWIZERA (La Diva) yatuyagiye vyinshi ndetse aho yaganiriye muri zimwe mu ntambamyi yagiye arahura nazo na cane cane ko bitari vyoroshe imbere y’abavyeyi n’imbere y’idini ryiwe rya Islam kuko ngo gukurako umwitero cari ikizira

Urashobora gukurikirana ico kiganiro cose uciye hano
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾

- Advertisment -

Must Read

Amb. Willy Nyamitwe yifurijwe isabukuru Nziza n’abamenyeshamakuru batari bake

0
Ubutumwa bwipfuriza isabukuru Nziza Amb. Willy Nyamitwe buvuye hirya no hino, mbere no hanze y'igihugu, bukaba aribwo bwagumye bucanacanako ku mbuga ngurukamabumenyi Zitandukanye ku...