BurundiDiasporaEntertainmentkirundipromoted

#Diaspora| Olympe ngo uwambaye ikirezi ntamenya ko cera

Inanga y’Uburundi ifise ukwo ivuzwa yisangije kw’isi yose, ifise amajwi ahanirana neza atahandi wobisanga kw’isi yose.

Olympe Niragira n’umwe mu barundi baba mu mahanga, yakuze acuraranga igicurarangisho kavukire kizwi nk’inanga hano iwacu.

Abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook yiwe yamenyesheje ko ari nka hamwe Inanga yacu yo hagurukirwa, umuziki wayo ushobora ku gurishwa kw’isi hose.
Ivyo Olympe akabivuga yishimikije ko kuvyo amaze kubonesha amaso, ndetse n’amatwi yiwe yumvise ata nahamwe arumva inanga ivugijwe kandi ikanarimbirwa nkuko yabibonye iwacu.
Olympe aranakeza cane umuhumure avuza inaga azwi kw’izina rya Torobeka Joseph akamufata nk’umwami w’Inanga mu Burundi.
Olympin agatera akamo abarundi ko boshigikira uwo muco kugira ntuzozimangane mu gihugu.

Mwomenya ko uruganda rwa Indundi Magazine rwatanguye gushigikira abo bakurambere ndetse runatanguza n’igikorwa co gushira ivyo bicurarangisho kavukire mu mudiho wa none.

Mushobora gukurikirana mu mashusho abo banyakaranga

https://www.facebook.com/493199750820811/posts/1571836459623796/?app=fbl

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301