5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomeBurundiUmushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu arashima uko igikorwa cagenze

Umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu arashima uko igikorwa cagenze

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 6 Mukakaro 2020, ubushikiranganji bujejewe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwaramutse bwugurura icese isekeza ryo gupima abantu bose umugera wa Corona, ico gikorwa kikaba cagenze neza mu gisagara ca Bujumbura nk’uko vyashikirijwe n’uwuramutswa ubwo bushikiranganji, Muganga Thaddee Ndikumana.

Umushikiranganji Thaddee Ndikumana yamenyesheje ko ico gikorwa cagenze neza aho ku bantu bari bategekanije kwakira ku musi basanze birwije hafi incuro zibiri.

Gushika isaha umunani mu bibanza bitatu vyari vyateguwe kurangurirwamwo ico gikorwa (Ku kibuga ca ETS Kamenge, kuri Paruwase Kanyosha hamwe no kuri hotel Source du Nil), hari hamaze gupimwa abantu bagera ku majana ane na cumi n’icenda (419) mu gihe mu bushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bari bategekanije kuza kwakira abantu amajana abiri na mirongo itanu (250).

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...