5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home abakinyi bakina hanze Aba nibo batsindiye ubushimwe bw'ihiganwa rya Primus league

Aba nibo batsindiye ubushimwe bw’ihiganwa rya Primus league

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2020, ku kibuga c’urukundo kiri i Ngozi igihe imigwi ya Rukinzo Fc na Musongati Fc yari igiye mu gice ca kabiri niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryatanga ubushimwe ku bakinyi bitwaye neza abamenyereza ndetse n’imigwi 4 ya mbere yo muri Primus league 2020-2021.

Muri ubwo ubushimwe habonetse ubushimwe bw’abakinyi batatu b’umugwi Messager Ngozi yatwaye ihiganwa rya Primus league ndetse n’umumenyereza wabo.

Uku niko ubushimwe bwatanzwe :

1) Umunyegori w’umwaka yabaye Rukundo Onesime wa Messager Ngozi akaba yahawe ibahasha ry’amafaranga ibihumbi amajana atanu (500.000 fb)

2) Umukinyi w’umwaka Jospin Nshimirimana wa Aigle Noir yahawe ibahasha ry’amafaranga umuriyoni ( 1.000.000 fb)

3) Umukinyi mwiza akiri muto yabaye Arthur Nibikora wa Messager Ngozi yahawe ibahasha ry’amafaranga ibihumbi amajana atanu (500.000fb)

4) Umusatirizi w’umwaka yabaye Iddy Museremu wa Messager Ngozi yinjije ibitsindo 19 aca ahabwa umuriyoni w’amarundi (1.000.000fb)

5) Umumenyereza mwiza w’umwaka yabaye Jimmy Ndayizeye batazita Giti wa Messager Ngozi yahawe ibahasha ry’umuriyoni w’amarundi ( 1.000.000fb).

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....