5.5 C
New York
Saturday, April 10, 2021
Home abakinyi bakina hanze Mu bakinyi 10 b'abanya Afrika b'ibihe vyose Mane ntarimwo

Mu bakinyi 10 b’abanya Afrika b’ibihe vyose Mane ntarimwo

 

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Mukakaro 2020, ikinyamakuru Cuatro.com cashize ahabona urutonde rw’abakinyi 10 b’abanya Africa b’ibihe vyose.

Umugabane wa Afrika ni umugabane urimwo abakinyi bakomakomeye bamaze kwandika amateka atari make mu mahiganwa akomakomeye yo kw’isi.

Aba nibo bakinyi 10 b’abanya Afrika bibihe vyose ikinyamakuru Cuatro.com cashize ahabona

1) Mohammed Salah umunya Egiputa ari mu bakinyi b’abanya Africa bariko bakora ibikora inka iburayi kuva ashikiye muri Liverpool mu mwaka wa 2017 yahinduye ibitari bike kuriwe aho twovuga nko kuba umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi mu myaka iheze.

2) George Weah umukinyi wa kera w’umugwi nserukiragihugu wa Liberia hamwe na AC Milan, Monaco , Marseille hamwe PSG ni nawe mukinyi wenyene w’umunya Africa amaze gutwara umupira w’inzahabu watanzwe n’abafaransa mu mwaka wa 1995

3) Samuel Eto’o yatwaye Champions league zitatu ari kumwe n’imigwi ikomeye nka Fc Barcelona hamwe na Inter Milan

4) Didier Drogba umukinyi wa kera wa Côte d’Ivoire yandikishije izina ari kumwe na Marseille hamwe na Chelsea yatahukanye Champions league mu mwaka wa 2012 ari kumwe na Chelsea.

5) Roger Milla imbere ya Samuel Eto’o Roger Milla yari umukinyi w’igitangaza mu mupira w’amaguru wo muri Cameroun ndetse aranakina mu gihugu c’Ubufaransa yigeze no gukora ivyiza mu gikombe c’isi yose co mu mwaka wa 1990.

6) Yaya Touré yatwaye udushimwe 4 tw’umukinyi mwiza w’umunya Africa yitwaye neza gusumba abandi akaba yari no mu bakinyi beza b’abanya Africa bitwaye neza yakiniye imigwi ikomeye nka Fc Barcelona aho yatwaye Champions league hamwe na Manchester city yayifashije gutwara ibikombe tutibagiye no gutwara CAN 2015 ari kumwe na Côte d’Ivoire

7) Nwankwo Kanu : Umunya Afrika wa mbere yatwaye igikombe ca Premier league yo mu bwongereza , uyo musatirizi wa kera wa Arsenal yigeze guhagarika gukina umwaka umwe kumvo z’ingwara y’umutima.

8) Abedi Pelé: Se wa André Ayew hamwe na Jordan Ayew ari mu bakinyi bo hagati b’abanya Africa bakoze vyiza akaba yari kumwe na Olympic de Marseille akaba yaranatwaye Champions league mu mwaka wa 1993

9) Hossam Hassan : Naho atamenyekanye iburaya uwo musatirizi w’umunya Egiputa yemerwa cane muri Misiri yakinye imyaka 21 mu mugwi nserukiragihugu wa Egiputa

10) Bruce Grobelaar : umunyegori wa Zimbabwe yakinye imyaka 14 ari kumwe na Liverpool yarigeze kuba umunyegori akomeye kw’isi mu myaka ya 80 hamwe na 90.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...