Mu myaka ishika 8, abantu barenga ibihumbi 50 nibo bamaze gukurikira ku rubuga rwa Instagram umuririmvyi Preeze 36.
Mu kiyago aheruka kugirana na Indundi Magazine yamenyesheje ko muri iyo myaka yakoze ibishoboka ngo ashike kure. Aho akavuga kudacika intege ukabandanya ushirako ibintu kuri urwo rubuga.
Preeze yavuze ko igihe batangura kuduga cane n’igihe yatangura kuronka ubushimwe mu mahiganwa atandukanye kandi akanakora ibiteramo ahantu hatandukanye harimwo n’inyuma y’igihugu.
Preeze yatubwiye kandi ko urwo rubuga rwiwe ngo rumufasha kugira abashe kumenyekanisha ibikorwa vyiwe. Igituma ngo nuko uno musi abamenyeshamakuru bamwe bamwe basa nkaho bariko barashaka kumwegeza ku ruhande.
Aho akagirako avunira akagohe abaririmvyi ngo babashe guca ubwenge batangure bimenyereze izo mbuga kuko ngo ziri n’akamaro kanini karimwo kuba abakunzi bawe bamenya ko amakuru ya mbere akwerekeye kandi yizewe bayakura ku rubuga rwawe.
Preeze Muri ico kiganiro ntiyaretse kumenyesha ko izo mbuga zishobora kudufasha gukuza umuziki ndundi, ariko kandi bikaba bishoboka mu gihe yaba abatamba, yaba abaririmvyi co kimwe n’abamenyeshamakuru babishizemwo ukuboko.
Mwomenya ko Preeze ashobora kuba aharurwa mu baririmvyi 5 ba mbere bakurikirwa cane hano iwacu.