5.5 C
New York
Tuesday, May 18, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Aigle Noire yarekuye abakinyi 12 bayo

# Indundi Sports | Aigle Noire yarekuye abakinyi 12 bayo

Inyuma yo kurangiza ihiganwa rya Primus league 2019-2020 bafashe ikibanza ca 3  , bakanarangiza aribo bafashe ikibanza ca mbere mu binjije ibitsindo vyinshi uwo mugwi washize ahabona abakinyi utazokwifashisha mw’ihiganwa rikurikira.

Muri abo bakinyi itazokwifashisha mu mwaka uza harimwo abakinyi babiri bari bagiye mu gihugu ca Tunisie ariko munyuma bagaruka  kumvo zitaramenyekana abo nabo akaba ari Umusatirizi Cédric Tity Mavugo n’umukinyi wo hagati Mabano Shabani .

Abakinyi 12 nibo uwo mugwi warekuye, ni ukuvuga ko imigwi yose ibipfuza yoza kuyaga n’uburongozi bwa Aigle Noire The Fighters

Abo bakinyi akaba ari bakurikira :

1.NDIZEYE Aime Fales
2.MUSTAFA Selemani
3.KEITA Seidou
4. BIGIRIMANA Ramadhan
5.KWIZERA Patrick
6.NTWARI Eddy Patrick
7.MABANO Shabani
8.NDAYISENGA Eliphaz
9.GASONGO Benjamin
10.KASSIM Nuhu
11.MUSHAGA Chronto
12.IRAKOZE Yves

ICITONDERWA: Uwuzotanga amahera ku mukinyi wa Aigle Noire The Fighters atari kuri urwo rutonde, atabanje kuvugana n’uburongozi bwa Aigle Noire ntaco azobaza.

Must Read

Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro...

0
Kuri uyu w'Imana niho mw'ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa...