5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home Burundi #made in Burundi| Abanya mideri basaba abarundi gukunda ivyakorewe iwabo

#made in Burundi| Abanya mideri basaba abarundi gukunda ivyakorewe iwabo

Abarundi benshi na cane cane urwaruka bariko  barijukira guhingura, no gukora ivyambarwa n’ibikoresho bitamenyerewe kw’isoko mpuzamakungu bifise ubwiza ndetse n’ishusho vyisangije, ivyo bigakorwa mu ntumbero yo kwiteza imbere no kwerekana ko bafise impano yo guhingura ivyabo(made in Burundi).

Mu ntumbero yo gushigira no gushirahamwe abo ba nyamideri, Kiyo fashion collective ikaba yateguye ihayanishwa y’ivyakorewe hano iwacu rizoza riraba uko ukwezi gutashe.

Indundi Magazine mu gista cayo “imideri Times” ikaba yari yihishikiye kuri Arena kur’uwu wa 25 Mukakaro(07) 2020 kugira ishigikire ico gikorwa.

Abanyamideri batandukanye baraho bakaba barahawe akaryo ko kwereka no gusigurira abakunzi ba indundi Magizine kumwe n’abakunzi ba Made in Burundi ubuhinga bakoresha, abaribo , naho basanzwe barangurira uwo murimo.

Abari bishikiye kuratira ijosho ndetse no kugura ibikorwa bitandukanye vyari mw’iryo hayanshwa bakaba barakengurutse urugero rw’ubuhinga abarundi bagezeko mu kwihingurira ivyabo.

Kuruhande rwa Kiyo fashion collective batunganije iryo hayanishwa babona ko intambwe itari nto bamaze gushikako n’ubwo impinga ikiri ndende.

Muri kiyo  bakamenyesha ko hariho umurwi bariko barigisha guhingura no gutunganya ivyambarwa n’ibikoresho vya hano iwacu  vuba bagiye kuja ahabona, bakanagirako batera akamo abarundi bose gukunda ivyahinguriwe iwabo ndetse no kubikundisha abandi mu ntubero yo kubatera intege zo gukora ibikorwa vyiza gusumba.

Ivyo n’ibindi vyishi mushobora gukurikira ikiganiro cisanzuye hanomusi.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...