5.5 C
New York
Thursday, January 28, 2021
Home Burundi #diaspora|Mkombozi| N' Imana yatabaye nayo ahandi ho yari no kuhasiga ubuzima

#diaspora|Mkombozi| N’ Imana yatabaye nayo ahandi ho yari no kuhasiga ubuzima

“Urakoze Mana utanga utadya, iyo hataba wewe iyi ntambara y’abasuma batatu bafise intambi, n’inzembe ,sinari kuyitsinda, ariko imbaraga wampaye nanje zantangaje” Iryo ni rimwe mu majambo Mkombozi Lucifer yakoresheje mu gukengurukira Rurema yamutabaye umurwi  w’abasuma.

Ijoro ryo kur’uwu wa 31 Mukakaro(07)2020 rya mubereye ntibagiranwa, uwo nawe si uwundi ni Nzeyimana Thomas azwi kw’izina rya Mkombozi Lucifer, yaraye ategerewe n’umurwi w’ abasuma bashaka kumwiba ndetse no kumwambura ubuzima.

Mkombozi abandanya agira ati :”Ubutunzi bwambere n’uguhema,kuko ikiziga c’umutinzi kirutwa n’umusazi ahema”.

Lucifer abandanya igisabisho co gushima agira ati “Kizigenza Rurema impamvu wandinze n’uko uzi ko harivyo mw’isezerano ryanje nawe ntarashikako ndagukengurukiye cane.”

Mkombozi akaba yongerewe ayo yandi mahirwe yo kubaho , ndetse no gukora, iyo ari  mu gihucu ca Tanzaniya mu Rugendo rw’akazi.

Mu kiganiro gito na Indundi Magazini, Nzeyimana amenyesha ko urugendo yagiyemwo rutamworoheye ariko ko yarugiyemwo azi ko bitazokworoha yizera Imana yama imuba hafi.

Thomas akamenysha ko ibikorwa bitari bike biriko birakorwa kandi ko iryo sanganya ataco rizobuza muvyo yateguye, aka nizeza abarundi baba mu Burundi ko mu gihe ca vuba bagiye gusubira guteramana nawe kandi bizogenda neza cane.

Ku bari mu mahanga nabo nyene ngo igihe kirageze bateramana nawe, akavuga cane cane abari ku mugane wa America, i Buraya na Austeralia.

Must Read

Francine Niyonsaba avuze rimwe baba barikosoye  

0
  Ubwo ibihejeje kuba hagati ya Francine Niyonsaba umunonotsi w’Umurundi na rimwe mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Econet, vyoba vyerekana ko hari iyindi ntambwe igiye guterwa...