5.5 C
New York
Thursday, May 6, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Mohammed Amissi yaraye ahonyoye mu mugwi mukuru Heracles...

# Indundi Sports | Mohammed Amissi yaraye ahonyoye mu mugwi mukuru Heracles Almelo

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 1 Myandangaro mu gihugu ca Hollande niho umugwi Heracles Almelo w’abakuze wakina mu rukino rwa mbere rwa kivandimwe n’umugwi Groningen ugiye gukinamwo umukinyi wa kera wa Bayern Munich Arjen Roben ,urwo rukino rukaba rwarangiye Ku ntsinzi ya Groningen y’igitsindo 1-0 bwa Heracles Almelo.

Umukinyi wo kuruhande w’intamba mu rugamba Mohammed Amissi akaba yaraye ahonyoye mu mugwi mukuru wa heracles Almelo amaze gukina iminota 45 y’urukino akaba yatanguranye n’igice ca kabiri .

Twobibutsa ko Mohammed Amissi yahora akinira umugwi w’abatrenza imyaka 21 , bikaboneka ko ashobora kuduzwa mu mugwi wa mbere Equipe A mw’ihiganwa rikukira ry’umwaka wa 2020-2021

Abakinyi babiri b’abarundi bapfungiwe mu gihugu c’urwanda mu kiganiro aha musi

Must Read

Indundi Sports | Bigirimana Abedi niwe yafashije Kiyovu Sports gutsinda Rayon...

0
      Umukinyi wo hagati w’umurundi Bigirimana Abedi ahejeje guhesha intsinzi umugwi wiwe wa Kiyovu Sports.   Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Rusama 2021 ,...