5.5 C
New York
Monday, May 10, 2021
Home Basketball Kern yatsinze , Aigle noir ihabwa ikaze

Kern yatsinze , Aigle noir ihabwa ikaze

Ihiganwa rya Basketball i bujumbura ryaratanguye biciye mw’ihiganwa ry’intango bita tournoi d’ouverture ryuguruwe icese kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Myandagaro 2020 ku kibuga Toyota Gikungu

Urukino rwa mbere rwahuje Aigle noir umurwi mushasha na Urunani , bikaba vyarangiye Aigle noir itakije kuko yatsinzwe n’Urunani ku manota 119 kuri 48 .

Hakurikiye urukino rwa Kern na Dynamo urwo rukino rukaba rutari rworoshe kuko Kern yarimbere hama mu gice ca kabiri Dynamo iragombora biciye kuri Jean ,Kenny na Bertrand ariko mu minota ya nyuma abasore Ornel ,Hervé Kabasi baragomboye amanota baca bafasha umurwi wabo gutahukana intsinzi biciye kuri kizigenza wabo Alvin Ninziza . Ariko mu gatondo Dynamo yanditse ikete yitwariye Kern mu kanama kajejwe indero n’amatati ko yakinishije Amilcar Ndemesha batazira Kinyata umukinyi dynamo imenyesha ko yegukira Sharing Saint member’s team yo muri Ouganda .

Ku w’imana iryo higanwa ryarabandanije .

Isaha zine zo mu gatondo Gymkhana yatsinze New stars 66 kuri 62 hama Les Hyppos yirahira Muzinga 81-48 .

Kuri uyu wa gatatu , igenekerezo rya 12 Myandagaro 2020 umurwi watsinze bike ariwo Kern uzotana mu mitwe na Mutanga united kugira baronke umurwi umwe muriyo ibiri uronka itike yo gukina urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma bazokina na Urunani , ni mu gihe Gymkhana izotana mu mitwe na Les Hyppos mu kindi gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Mu bigeme hakazohura Aigle noir na Les Gazelles hama Rumuri na Berco stars bagireko na final mu mpera zino ndwi dutanguye .

Must Read

Esther Nish ngo Urwo ruhererekana rw’ibiteramo ni no mu ntumbero yo...

0
Uruhererekane rw’ibiteramo, n’ishirwa ahabona ry’urukurikirane rw’indirimbo nivyo umuririmvyi Esther Nish n’abasahirizi biwe, Bukiv Label bari baramutse bayagira abamenyeshamakuru ku musi w’ejo igenekerezo rya 7...