5.5 C
New York
Thursday, October 28, 2021
HomeBasketballDynamo yakubise impaga Kern

Dynamo yakubise impaga Kern

Inyuma yaho mu makuru yacu yo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Myandagaro tubamenyeshereje ko Dynamo yitwariye Kern mu kanama karaba indero n’amatati CDL mw’ishirahamwe rya Basketball I Bujumbura,nako kakayimenyesha ko urwo rubanza rurengeye ako kanama .

Ishirahamwe rya basketball mu Burundi ryarandikiye ishirahamwe rya Basket muri Uganda riyibaza ko umukinyi Amilcar Ndemesha batazira Kinyata wa Sharing saints yoba yararonse ikete rimwemerera guhindura aho akinira (bon de sortie ).
Uyo mukinyi yakiniye Kern itako iratsinda Dynamo 58 kuri 54 kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Myandagaro 2020 , bukeye ,niho uwurongoye Dynamo yandikiye aberwa n’urwo rukino yitwarira Kern ko yakinishije umukinyi atabirekuriwe.

Kuri uyu wa kabiri niho hasohoka ikete rivuye mw’ishirahamwe rya basketball I bujumbura rimenyesha Dynamo ko yatsinze Kern impaga .

Mwomenya ko imirwi Urunani,Les hyppos na Dynamo zamaze kwikatira itike ry’ica kabiri gishira ica nyuma mu gihe barindiriye urukino ruzohuza Gymkhana na Mutanga United kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 myandagaro 2020 ku kibuga c’ ubushikiranganji bw’inkino , uwuzotsinda akazoca ahamvya iyindi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2020

- Advertisment -

Must Read

SAT-B ngo yasabwe gukora arekane n’abavuga gusa

0
Abantu bahanuye Sat-b gukora gusumba kwishinga abavuga, ivyo bikaba bishikirijwe ku rubuga rwiwe Aho yariko amenyesha abantu ko Imana ariyo yamukuye mu bworo. uwo muririmvyi...