5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home Basketball Basket : Ihiganwa rizosozererwa i Ngozi

Basket : Ihiganwa rizosozererwa i Ngozi

Mu mpera z’ino ndwi hazosozerwa ihiganwa rya Basketball mu ntara ya Ngozi nkuko twabimenyeshejwe na Dr Roger Rushangabirwi arongoye ishirahamwe rya Basket-ball muri iyo ntara.

Muri urwo rukino rwa basketball ,mu mirwi isigaye mw’ihiganwa Target Intamenwa niwo murwi umaze gutahukana ibikombe vyinshi mu bagabo muri iyo ntara ukaba wabayeho kuva mu mwaka wa 1997.

Ukwo gusozera ihiganwa bizotanguzwa n’inkino z’ica kabiri gishira ica nyuma . Isaha zitatu kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 myandagaro hazohura Target Intamenwa na Université de Ngozi hama hakurikire urukino ruzoba hagati ya Messager Ngozi na Uswazi basketball team .
Haciye umusi imirwi izoba yaraye ironse intsinzi izoca ikina urukino rwa nyuma bita Finale mu kinyamazuru .

Indundi yifurije ibihe vyiza abazokina muri iryo higanwa.

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...