5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home Basketball Gymkhana yaronse itike

Gymkhana yaronse itike

Mu gihe kuri uyu wa gatandatu hazokinwa inkino z’igice cakabiri gishira ica nyuma c’inkino zugurura ihiganwa(tournoi d’ouverture), imirwi itatu niyo yarimaze kuronka uburenganzira .

Urunani , Dynamo na Les Hyppos mu kurindira urukino rwaraye ruhuje Mutanga united na Gymkhana ,Gymkhana akaba ariwo murwi muyatsinze bike mu ndwi iheze kubera ko Dynamo yatsinze Kern impaga ibituma yongerwa amanota 20 kuyo yari yatsinze nkuko amategeko ibivuga Kern icihanishwa ihadabu y’ibihumbi 50 .

Urwo rukino rwaraye rukinywe ku kibuga ca Jabe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 13 myandagaro 2020. Umurwi Gymkhana ukaba watsinze vyoroshe Mutanga United amanota 56 kuri 39 bica bituma uwo murwi uhamvya iyindi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma .

Ikiboneka nuko habonetse imirwi yabandanije akaba ari Gymkhana , Urunani , Les Hyppos na Dynamo .

Biranugwanugwa ko Urunani izohura na Gymkhana , Les Hyppos nayo itana mu mitwe na Dynamo .

Must Read

Abakurikirana Shaddy Boo basubijwe mu kibanza ciwe, yishize hejuru

0
Harya ng’uwuvuga aba atarabona, akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter, Shadia benshi bamenye nka SHaddy Boo yifatiye mu gahanga ivyamamare bitandukanye avuga ko ariwe afise...