5.5 C
New York
Saturday, January 16, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Niyonkuru Vladmir yahambije Cedric kaze muri Yang Africns

# Indundi Sports | Niyonkuru Vladmir yahambije Cedric kaze muri Yang Africns

Uwahora ari umumenyereza w’abanyegori w’umugwi Messager Ngozi hamwe n’intamba mu rugamba Niyonkuru Vladimir ntakibarizwa muri Messager Ngozi.

Ku musi wa Gatatu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2020 , niho yasezera muri Messager Ngozi abipfuriza n’amahirwe meza mu nkino za Primus league zimirije gutangura mu kwezi gukurikira.

Vladmir akaba yashize umukono Ku masezerano yo kumenyereza abanyegori b’umugwi Yang Africans mu kiringo c’umwaka akaba agiye gukorana na Cedric kaze nawe nyene amaze gushira umukono Ku masezerano yo kumenyereza umugwi Yang Africans wo mu gisagara ca Dar es salaam .

Vladmir akaba Atari mushasha mu gihugu ca Tanzania kuko yigeze gusamira umugwi Azam Fc wo muri ico gihugu mu mwaka wa 2009.

Mwomenya y’uko Niyonkuru Vladimir mugihe akiri umukinyi yasamiye imigwi ya Vital’o Fc , Inter Star mu gihugu c’urwanda naho yasamiye umugwi Rayon Sports mugihe muri Tanzania yakiniye umugwi Azam Fc .

Must Read

Moustapha Francis yaguzwe na Costa Union yo muri Tanzania

0
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2021, niho Umukinyi w’umurundi Moustapha Francis Njali yaguzwe n’umugwi Costa Union wo mu gihugu ca Tanzania,...