5.5 C
New York
Thursday, August 5, 2021
HomeBurundiMusongati yatahukanye Super Coupe

Musongati yatahukanye Super Coupe

Uko umwaka utashe imbere yuko ihiganwa ritangura hasigaye indwi imwe barakina igikombe ca Super coupe gihuza umurwi watahukanye ihiganwa ry’igihugu Primus ligue hamwe na ekipe yatahukanye igikombe c’umukuri w’igihugu. Urwo rukino rukaba rwakinywe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Myandagaro 2020.

Umurwi wo mu ntara ya Gitega , Musongati fc waraye utahukanye ikindi gikombe kuva wabaho mu cicaro ca mbere inyuma yaho batsindiye umurwi mukeba wabo Messager Ngozi ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Igice ca mbere kigitangura mu minota mirongo itatu imirwi yompi yarerekanye urukino rwiza barondera uburyo bwo kwinjiza , igice ca mbere kiza kurangira Musongati itsinda kimwe cinjijwe na Irakoze Amissi Léon yigeze gukinira Ngozi city.

Bavuye mu karuhuko imirwi ya Messager Ngozi na Musongati yarerekanye urukino rwiza kuri stade Gatwaro yo mu Kayanza .
Kagabo Cedric agombora igitsindo kimwe mu gihe Amissi Léon yinjirije Musongati ica kabiri bica biha amahirwe uyo murwi w’i Gitega .

Jimmy Ndayizeye amenyereza Messager Ngozi yabwiye abamenyeshamakuru ko umurwi wiwe wifatiye mu minwe urukino na cane cane mu gice ca kabiri ariko ngo muri rusangi babuze amahirwe acarangiza ati haburana babiri hagatsinda umwe.

Ku ruhande rwa Musongati , Jumaine Niyonkuru yarashimye uko abakinyi biwe bakinye na cane cane ko bakurikirana imikenyuro abereka.

- Advertisment -

Must Read

Berry Music ngo agiye gushira ahabona Collabo yakoze

0
Abantu batari bake ngo bagize igihe basaba Berry Music ko abakorera indirimbo arikumwe n’uwundi muririmvyi, ico gikorwa uwo muririmvyi avuga ko agiye kuzogikora mu...