5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home Athletisme Cyclisme :Arnaud Patrick yaremesheje ikiganiro

Cyclisme :Arnaud Patrick yaremesheje ikiganiro

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Nyakanga 2020 , uwurongoye ishirahamwe ryo gusiganwa n’amakinga mu Burundi Iryumugabo Arnaud Patrick yaremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu bigo vy’ubushikiranganji bw’inkino akaba yabamenyesheje aho imyiteguro y’ihiganwa ry’igihugu rigeze .

Ihiganwa ry’igihugu rizokinwa kuri uyu wa gatandatu n’uwimana mu makomine meza ya Nyanza-Lac na Mabanda . Hazotanguzwa ihiganwa ku bana ijana b’abahungu n’ijana ry’abakobwa biruke kuri matabaro , batatu mu muce bakazojanwa mu Rwegura ahari ikigo c’ubuhinga .

Harategekanijwe ihiganwa rikomeye ku bagabo bazokwiruka ibilometero 90 biruke Nyanza lac-Rukonwe – Mabanda hama bagaruke i Nyanza lac mu gihe abakenyezi n’imiyabaga bazokina ibilometero 50 bave Nyanza lac baduge Rukonwe bakatire Mabanda nkuko vyashikirijwe na Arnaud Patrick Iryumugabo arongoye ishirahamwe rya Cyclisme mu Burundi.

Mu kurangiza uyo arongoye iryo shirahamwe yahamagariye abakunda inkino n’amashirahamwe gushigikira urwo rukino.

Must Read

Eddy Kamoso ngo ntaje gupima akarere, agarutse gukora umuziki

0
  Eddy Kamoso ngo yarabonye Imana ikora muri iyi myaka 5 iheze asubiye gukorera I Kigali, iyo ngo niyo mpamvu nyezina yatumye yandika indirimbo “Ndiho”...