5.5 C
New York
Friday, January 21, 2022
HomeBurundiAbarundi 507 bari bahungiye mu Rwanda bakiriwe bahungutse

Abarundi 507 bari bahungiye mu Rwanda bakiriwe bahungutse

Impunzi z’abarundi bahora mu nkambi y’impunzi y’I Mahama mu gihugu kibanyi c’Urwanda zahungutse kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Nyakanga 2020, aho zakiriwe zishitse ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda neza na neza mu Gasenyi-Nemba1, n’intumwa y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi hamwe n’umutekano ari kumwe n’abatware bo mu ntara hamwe n’abasanzwe bakora muri HCR.

Izo mpunzi zingana n’amajana atanu n’indwi (507) zikaba ziyongereye ku zindi zaheruka guhunguka zivuye mu nkambi y’impunzi y’I Mahama nyene aho mu Rwanda.

Intumwa y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano akaba ari n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Petero Nkurikiye mw’ijambo ryiwe yaboneyeho gutera akamo abo bose bipfuza guhunguka ko bitezwe kuzokwakiranwa igishika, anamenyesha kandi ko bagiye guhora bakira impunzi zizoba zivuye mu nkambi y’impunzi y’I Mahama no mu tundi turere two muri ico gihugu incuro zibiri mw’iyinga guhera mu ndwi iza.

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...