5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiCyclisme:Abasiganwa ku makinga bahamagarirwa gukingira ibidukikije

Cyclisme:Abasiganwa ku makinga bahamagarirwa gukingira ibidukikije

 

Mw’ ihiganwa ryabereye mu ntara ya Makamba muri komine ya Nyanza-lac ku magenekerezo ya 5 na 6 Nyakanga 2020, hatahukanywe imidale ishimishije.

Kuruhande rw’abagabo :

– Uwimana Amadi, umusore wo muri komine  Gihanga, mu ntara ya Bubanza yatahukanye umudari w’inzahabu ku birometero 50, akaba yahakanyaze mu mwanya ungana 1h37’25”

Nayo Nizeyimana Jacques, yimenyereza mu mugwi Mirage wo mu ntara ya Cibitoke yaronse umudari w’inzahabu mu basore bakiri abayabaga (juniors). Ibirometero 50 yabigize mu mwanya ungana 1h36’34”

Ku ruhande rw’abigeme:

Umwigeme Emmanuella Rukundo yatahukanye umudari w’inzahabu mu ba yabaga b’abigeme, akaba asanzwe yimenyerereza i #Ngozi. Ibirometero 50 yabigize mu mwanya ungana 2h12’28”.

Mu majambo yashikirijwe mu birori vyo Gusozera iryo higanwa Sandra Kinyomvyi yari yaserukiye ishirahamwe ODEB ryishinze gukingira ibidukikije yahamagariye urwaruka rwari rwitabiriye iryo higanwa kuba abaserukizi b’ibidukikije mu guhimiriza abanyagihugu gukingira ibidukikije.Sandra akaba yamenyesheje urwo rwaruka ko rukundwa na benshi kandi ubutumwa bashobora gutanga bwogera kure.

Mukamenya ko mu kwezi kwa gatatu k’umwaka uza 2021 hagiye gutegurwa ihiganwa ry’abigeme ku rwego mpuzamakungu hano iwacu mu Burundi.

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...