5.5 C
New York
Sunday, January 17, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Derby : Statistic y'ingene Inter Star Na Vital'o...

# Indundi Sports | Derby : Statistic y’ingene Inter Star Na Vital’o zimaze gutsindana

 Ku musi wa Gatandatu Igenekerezo rya 12 Nyakanga 2020, Isaha icumi 16h00 Ku kibuga c’intwari niho hazoba Derby ikomeye cane izohuza imigwi ibiri ikunzwe cane mu gihugu Inter Star hamwe na Vital’o Fc.

Turavye mu kahise ka hafi ni ukuvuga mu nkino 17 iyo migwi imaze guhura ,  Inter Star imaze gutsinda inkino zibiri gusa mugihe Vital’o Fc imaze gutsinda inkino 11 , bakaba bamaze kunganya inkino 4 .

Vital’o fc ikaba izokina urwo rukino idafise uwahoze ari kizigenza wabo Said Ntibazonkiza amaze guhagarika gukinira uwo mugwi kumvo zitaramenyekana mugihe inter Star nabo nyene bazoba babuze umukinyi wabo akomeye Rukundo Abdolurahman Papley yaraye ashise umukono Ku masezerano yo gukinira Kayanza United .

Mwomenya y’uko urwo rukino rutazoba rworoshe bivanye n’uko iyo migwi ibiri mu nkino zibiri ziheruka yari yazitakaje.

 

Must Read

Indirimbo ya Mow Kanzie na Olegue yamaze kwemerwa. None ni ryari?

0
  Indirimbo hagati ya Mow Kanzie na Olegue ngo irashobora kuboneka mu misi ya vuba, ivyo n’ibiheruka kwemerwa n’abo baririmvyi bose uko ari 2 biciye...