BurundifootballInkinokirundisociete

Mike Tresor Ndayishimiye yaraye afashije umugwi w’ububiligi gutahukana intsinzi.

Mukiringo gito cane ahamagawe irya mbere mu mugwi nserukiragihugu w’Ububiligi bivuye kukuntu yigenjeje mw’ihiganwa rya 2019-2020 muri  Pays-Bas, Mike Tresor Ndayishimiye yaramaze gukina inkino 3 za nyuma afasha umugwi w’amashetani atukura akaba yaramaze gukina iminota  18.

Mike Tresor yaratangujwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 08 Nyakanga 2020, rikaba ryari ribaye iryambere kuva ashitse muri uwo murwi.

” Intsinzi ngirakamaro k`umugwi ”

Umusatirizi wa  Willem yareretse umumenyereza wiwe  w’ububiligi Jatis Mathijssen ko kumuhamagara mu mugwi nserukiragihugu atihenze mu gutsinda igitsindo ca coup-franc hamwe n’ikindi kuri  penalty.

Mike Tresor Ndayishimiye n’umwe mubakinyi baranze urwo rukino bakinye n’umugwi w’ubudage ariwo  Mannschaft. Urukino rurangiye akaba yarangwa n’akanyamuneza ,aho yavuze ati:” Ndanezerewe cane no kuba ntsinze ibitsindo vyanje 2 mu rukino rwa mbere ntanguye mu kibuga.Kuri jewe n’igitangaza .”

Hambavu yuko Mike Tresor Ndayishimiye yaranezerejwe nuko yatsinze ibitsindo 2 , ivyo bitsindo bica bimushira mu kibanza ciza muri wa murwi w’abakinyi batarenza imyaka 21 bamaze gutsinda ibitsindo vyinshi mw`ihiganwa mpuzabihugu vya Buraya 2020-2021 co kimwe n’umugwi wiwe.Ivyo bigaca bituma mu nkino 3 zisigaye bakora cane kugira baje mu kibanza ciza.

Mike Tresor Ndayishimiye akaba ari umuhungu wa Freddy Ndayishimye umukinyi yabiciye bigacika mu mugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba ,aho yanafashije uyo mugwi gutahukana ikibanza ca 2 mu mahiganwa ya Afrika yo mu mwaka wa 1995 muri Nigeria.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 368