BurundiEntertainmentkirundi

Ng’iki ikintu Kidum yagabiye mutoyi wiwe Titus da Sailor utaruzi

MUNYEMBABAZI azwi kw’izina rya Titus da Sailor yaraye yerekanye uruhara rwabakenyezi n’urwaruka mu ndirimbo yise TUBASHIGIKIRE .

Titus da Sailor izina yawahe na mukuruwe Nimbona Jean Pierre alias Kidum, hari mumwaka wa 2010 mu ntara ya Rutana ahasazwe havuka uwo muririmvyi yaraye asize ahabona indirimbo TUBASHIGIKIRE, ururirimbo rurimwo ahanini ubutumwa bwerekeza ku bakenyezi n’urwaruka mw’iterambere ry’igihugu ninyuma yaho yaramaze umwaka wose atagaragara mu bikorwa vy’umuziki eka mbere vyanashitse akamenyesha kwagiye guheba umuziki aho hari kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro umwaka 2018.

Ico gihe aciye ku mbuga ziwe yagira ati:”UMUZIKI UMUSHATSI kwaheri ubu narose akazi muri OBR GITEGA niyo mbarizwa!!!Mwarakoze kunyereka urukundo kundirimbo zanje nari maze kubashikiriza ubu nkaba ngarukirije aha kuririmba ngiye guhindura ubuzima gato ariko turikumwe igihe cose kimwe gusa uko warunzi siko nkiri!!Akajambo wontekerera kamwe gusa kuba mpinduye inzira ndagashima!!Indirimbo nakoze ni nyinshi ntarungu muzogira kandi ndabakunda cane mwambereye abavukanyi beza!!love n peace my lovely people duhurire mubundi buzima!!Shalom.”

Mwomenya kwayo majambo yaraherekejwe n’isanamu yiwe yimwesheje  mugihe yarasazwe afise ubusage, mu nyuma yaho kwigenekerezo rya 15 Myandagaro 2018 aciye ku rubuga rwiwe rwa Facebook asubira nkumenyesha abakunzi b’umuziki ati:

”UMUZIKI SINOHEBA nukuri hamwe nobava iruhande indirimbo UBUYABAGA mutayihawe noba ntagira urukundo na gato!!!Ndasavye imbabazi kuri wewe wavunitse umutima wumvise ko nsezeye umuziki nongera nshimira abakunzi batari bake banyandikiye abandi banterefona bampanura ko ntobasiga mugahinga.ko mwanyeretse urukundo tuzokwamana ubu nzananye izindi nguvu,ishaka n’ukwitanga ntangere kubikorwa vyinshi!!! ”

Kuva ico gihe yaciye aza nkuko atakunyoteza abakunzi biwe kuko gushika ubu amaze gukora indirimbo zi5 murizo zi3 zikaba zifise amasanamu yazo ivyakesha ubuyobozi bwa Niyosel.

Mwomenya ko uwo muririmvyi  asanzwe ari munsi y’Uburongozi bwa Niyosel Entertainment ahobamaranye imyaka itatu bakorana neza ivyo twobibutsa kwari nk’imboneka rimwe kuko sibeshi bakunze kuguma mu buyobonzi bwabo imyaka nkiyo yose murikino gihugu cacu haba kubaririmvyi bacirondenza canke basazwe bafise amazina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 296