5.5 C
New York
Wednesday, May 12, 2021
Home Burundi Isima rihingurwa n’ihinguriro BUCECO ngo irakwiye

Isima rihingurwa n’ihinguriro BUCECO ngo irakwiye

Isima ihinguriro BUCECO rihingura ngo irakwiye. Amatoni agera ku majana indwi ngo yaratanzwe ku badandaza mu gihugu cose kuri uyu wa mbere waraye uheze, igenekerezo rya 14 Nyakanga 2020 nayo ayandi matoni arenga amajana ununani yatanzwe kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 15 Nyakanga 2020.

Ivyo ni ivyashikirijwe na Mutwa Chrysologue, umuyobozi mukuru w’ubudandaji mu bushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 15 Nyakanga, inyuma y’aho umushikiranganji w’ubundandaji hamwe nawe bagendeye batateguje ihinguriro ry’isima BUCECO kugira barabe ukwo ryifashe.

Yaboneyeho akaryo ko kugabisha abandaza n’abo bita abakomisiyonere b’isima bayinyegeza bakaduza ibiciro ko bazohanwa hisunzwe amategeko.

Must Read

Éliminatoires CAN Féminin | Uburundi buzohura na Érythrée

0
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Rusama 2021 , mu cicaro gikuru ca CAF muri Misiri niho haba tombola y’ukungene imigwi y’abigeme izohura...