5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Abakinyi ba Messager Ngozi bemerewe imishahara ya buri...

# Indundi Sports | Abakinyi ba Messager Ngozi bemerewe imishahara ya buri kwezi

  • Hari ku mugoroba wo Ku musi wa gatanu Igenekerezo rya 11 Nyakanga 2020, aho abagize ishirahamwe Mu mryango w’abagenzi bo kumutima batunganije ibirori vyo gukeza Manirakiza Marc batazira Poshen aherutse gutorwa nk’umurongozi w’umugwi Messager Ngozi .

    Ivyo birori bikaba vyabereye muri Winners Hotel ‘iri mu gisagara ca Ngozi . Ibirori vyari vyatewe  iteka n’umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Hon . Denis karera atwara umugwi Musongati Fc , Géneral de Brigade Nyamugaruka Dominique atwara umugwi Bs Dynamik , bamwe mu bashingamateka bo mu ntara ya Ngozi , ba Buramatari b’intara za Ngozi na Rutana abarongoye imigwi yo mu vyicaro vya mbere nivya kabiri .

    Nyakubahwa Réverien Ndikuriyo akaba yaratanze impanuro n’intererano z’ukuntu Messager Ngozi yobandanya ikomera , akaba yemereye uwo Mugwi ko agiye kuwornsa imyambaro ibiri (2) kiri buri mukinyi yo gukinana, imyambaro ibiri y’ibirato vyo gukinana buri mukinyi .

    Uwundi yemereye gufasha uwo Mugwi ni Apollinaire Ismael arongoye umugwi New Oil , akaba anafise uruganda ( Crown Royal) ruhingura ibinyobwa , nawe nyene yiyemeje ko agiye gutanga imishahara ya buri kwezi Ku bakinyi 25 ba Messager Ngozi mu kiringo c’umwaka wose.

    Ivyo vyose bikaba vyakozwe kugira babe hafi uwo mugwi bivanye n’uko wabuze Umuvyeyi nyakwigendera Petero Nkurunziza yashinze uwo mugwi ndetse n’iyindi migwi ihurikiye muri Academie le Messager .

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...