5.5 C
New York
Sunday, January 24, 2021
Home kirundi Urwevu: Abansi bawe si barya wibaza. Barya ni ibitutu vyabo.

Urwevu: Abansi bawe si barya wibaza. Barya ni ibitutu vyabo.

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yohindura ibintu.

Abansi tubonesha amaso ni ibitutu vy’abansi bacu mu buryo bw’ibishobisho. Ni ukubera mu bwoko bw’ibishobisho dufise haba harimwo ibishobisho vy’ivyansi vyacu. Uburyo rero bw’ukwihweza neza ubwoko bw’abansi b’ibishobisho dufise ni ukuraba ibidukikije.

Nta kintu na kimwe mu bigukikije vyaje atakibizanye. Vyose ni wewe nyene wabizanye. Vyaje bigana ibiri muri wewe.

Uburyo rero bw’ukurwanya abansi twibaza ngo turabona ni ukurwanya abansi bari muri twebwe. Igihambaye ku giti si amashami canke ivyamwa, ibihambaye ni imizi.

Iyo rero turondeye kuzimanganya  vy’abansi bacu( abo tubona) dukoresheje inguvu biba bibaye nk’ugusubiriza ibitutu vyacu ahari ibitutu vyano. Tuba tuguye mu mitego.

Duca dusigara tumeze nkabariko biraba mu vyirori. Noneho na vya bitutu twahora tubona bikatwibutsa ko dufise abansi, ntavyo tuba tukibonye kuko ibitutu vyabo biba vyasubiriwe n’ibitutu vyacu.

Iyo dutwenze, turabona tukibona mu cirori nk’abatwenze gutyo bigakumirira kure iciyumviro c’ukumenya ko hari abariko bararira kubera twebwe nyene.

Ubirabiye hafi, iyo urondeye kurwanya abansi bawe ukoresheje nk’inguvu canke ubundi buryo busa nk’ubwo, maze bikitwa kubatsinze muri ubwo buryo uraheza ugasanga amaherezo wahavuye uba umwansi wa wewe nyene. Uba wiyongerereje uruhumyi rw’umutima. Uba usa n’uwufuruye icobo gusa kizorwamwo abandi n’abawe hambavu.

Ni wama uzirikana kurondera inyishu z’ibikugora uhereye mu kwisuzuma, bizogufasha gutora inyishu be n’amahoro birama. Uzoheza uhere kuri wewe nyene. Uve harya abo bansi bagutera bagusanga, wimukire nko rugero rwo hejuru ya harya bari.

Gutyo, bazoza kukurondera hamwe hasi wahora, nawe ubarabe bagutere ikigongwe, uce urondera kuramvura ukuboko ubereke utugazi nawe waciyeko, ubafate ukuboko baduge bagusange aho uri mu mahoro.

Aho uzoba uri mu buryo bw’ibishobisho, uzoheza usange abakurondeye bose ari abanyamahoro.

Abo wita abansi bawe uwu musi, ni ibimenyetso vy’aho uhagaze mu buryo bw’impwemu. Ni kakubere akaryo k’ukurondera guhindura ibintu.

Ivyo biri gutyo ku rugero urwarirwa rwose. Uhereye ku muntu hagati ya we na we nyene, hanyuma, ku rugero rwa hagati yawe n’abandi.

 

 

 

 

.

 

Must Read

Fiston Abdoulrazaq yavuze icatumye aja gukinira Yanga Africans amezi 6

0
Inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Yang Africans wo muri Dar es salaam mu kiringo c’amezi 6 Fiston Abdoulrazaq yashize ahabona...