5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home featured sport #indundi Sports| Brothers yaraye itangaje SOS

#indundi Sports| Brothers yaraye itangaje SOS

Ihiganwa rya Handball ryarabandanije mu mpera z’ino ndwi ku bibuga vya SOS na CECINGA imirwi ikaba yarerekanye ubuhinga budasanzwe muri urwo rukino twovuga ko rwateye imbere hano iwacu.

0

Izo nkino zari zigeze ku ndwi yaryo igira kabiri mw’ihiganwa ryo mu gisagara ca Bujumbura.

Eric Nkurunziza batazira Amateur arongoye igisata c’ubuhinga yabwiye Indundi ko urwo rukino ruriko rurakomera mbere ngo ruriko rurarwiza abakunzi barwo .

Imirwi ikaba yatsindanye uku gukurikira :
ku wa gatandatu

MUZINGA yatsinze Galaxy 30 kuri 16.

INTWARI zitsinda Rukinzo 36 kuri 29.

Izo nkino zarakinywe no kuri uyu w’imana :

Friends y’abahumure yatsinze Golden team 34 kuri 22.
RUMURI yihanije Ambassadeurs iyitsinda 40 kuri 3 (mu bigeme ).
Rumuri mu bagabo 32 yirahiye Ambassadeur 26

Brothers yatangaje SOS iyitsinda 29 kuri 25.

Iryo higanwa rizobandanya mu mpera zino ndwi dutanguye .

Must Read

Rukinzo yatakaje inkino zibiri za mbere muri Tuniziya.

0
Igihugu ca Tuniziya nico kiriko gitunganya ihiganwa rikomeye rya CAVB rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo kuva kw'igenekerezo rya 16 gushika kurya...