5.5 C
New York
Tuesday, May 18, 2021
Home Burundi Abarenga amajana atandatu nibo bashoboye guhunguka kuri uno wa kabiri

Abarenga amajana atandatu nibo bashoboye guhunguka kuri uno wa kabiri

Abarundi bagera ku majana atandatu na mirongo ibiri na batatu (623) bagize imiryango amajana abiri n’itandatu (206) bahora mu makambi y’impunzi yo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya  nibo  bahungutse kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 22 Nyakanga 2020 bafashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, bakaba bakiriwe ku mupaka wa Mugina mu ntara ya Makamba.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, intwaro rusangi n’umutekano bamenyesha ko umurwi w’abarundi bahungiye i Mahama mu Rwanda woshitse igenekerezo rya 24 uzoshika bukeye kurya 25 Nyakanga 2020.

Must Read

Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro...

0
Kuri uyu w'Imana niho mw'ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa...