Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2020, Umugwi Namungo Fc wari wakiriye umugwi Kagera sugar mu rukino rw’indwi ya 4 y’ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier League, urwo rukino rukaba rwarangiye Namungo Fc itsinze Kager Sugar igitsindo 1-0 , igitsindo cinjijwe n’umusatirizi w’umurundi Bigirimana Blaise ku munota wa 10 w’urukino .
Abakinyi b’abarundi bose bakina muri uwo mugwi bari batanguye mu kibuga hampande ya Blaise , Steeve Nzigamasabo na Jonathan Nahimana bose bari batanguye mu kibuga.
Blaise Bigirimana akaba yaciye akwiza ibitsindo 2 mu nkino 4 amaze gukina muri uwo mugwi.