5.5 C
New York
Tuesday, January 26, 2021
Home Basketball Basketball: Heroes Cup2020: Inkino zo mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu...

Basketball: Heroes Cup2020: Inkino zo mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.

Ku magenekerezo ya 26-27 Nyakanga harakinwe inkino z’igikombe citiriwe Incungu, iryo higanwa rikaba ritunganywa n’ishiramwe Pax Foundation rifadikanije na Aigle Noir Sport Club muntumbero yo kwibuka no kuzirikana Incungu z’ukwikukira na demokarasi ,Umuganwa Rwagasore Louis na Ndadaye Melchior.

K’umusi wa gatandatu
mu ntara ya Gitega Imbeya ZIU umurwi wo muri iyo ntara nyene ukaba watsinze Target Intamenwa wo mu ntara ya Ngozi amanota 57-54.
I Gitega nyene Young umurwi w’i Gitega watsinze Messager BBC y’i Ngozi ku manota 73 kuri 57.

Mu gisagara ca Bujumbura ,hari hategekanijwe inkino 2 ariko haba urukino rumwe kuko urukino rwari guhuza Gymkhana na Mutanga United ntirwabaye kubera Gymkhana usanzwe ufise ikibazo c’ingene utunganijwe wari ufise imirwi 3 yose ikeneye gukina (ikibazo tuzogarukako)
Urukino rwahuje Urunani na Muzinga rukaba rwarangiye ku ntsinzi ya Muzinga y’amanota 79 kuri 78 .

Ku musi w’Imana
Mu gisagara ca Bujumbura
Dynamo yatsinze Kern amanota 80 kuri 71 nayo Les Hippos itsinda New Star ku manota 77 kuri 76.

Uko niko inkino zagenze, igice gikurikira kikaba citezwe ku magenekerezo ya 3 na 4 Gitugutu 2020.

Must Read

Platini ngo aronse ah’aca Shaddy Boo Ubwiza bwiwe ntiyobwitesha

0
  Platini yigeze kuba ari muri Dream Boys ngo ntaho yohera yanka kugiriranira imigenderanire y’urukundo na Shadia benshi bazi nka Shaddy Boo. Ivyo akaba aheruka...