5.5 C
New York
Friday, January 15, 2021
Home Fashion John Legend na Chrissy Teigen mu gahinda kadasanzwe

John Legend na Chrissy Teigen mu gahinda kadasanzwe

Christine Diane Teigen azwi kw’izina rya Chrissy Teigen asanzwe ari umunyamideri ,umumenyasha makuru ,umukinyi w’amareresi n’umufasha w’umwanditsi n’umuririmvyi w’indirimbo “All Of Me” yakunzwe cane kw’isi John Legend, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram yerekanye akababaro barimwo nyuma yo kubura umwana wabo wa gatatu yari yibungenze.

Mu butumwa bwiwe ,Chrissy yagize ati: ” Vyadutangaje kandi dufise agahinda kadasanzwe, ni umubabaro tutigeze duhura nawo. Ntivyakunze ko duhagarika kuva kw’amaraso nubwo baduteye udufuko twinshi tw’amaraso.”

Ubutumwa bwari buherekejwe n’ama photos yerekana agahinda barimwo .

Ivyo bikaba vyashitse nyuma yuko Chrissy yari amaze amezi avirirana ,indwi iheze akaba yaciye ajanwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Los Angeles aho yatewe amaraso menshi ariko uwo mwana wabo yari amaze kumenyekana kw’izina rya “Jack” akaba atashoboye kurokoka.

Abakunzi b’aba ba stars bakaba batahengeshanyije kubahoza amarira babicishije mu buryo butandukanye.

Must Read

Cedric kaze , Vladmir hamwe na Saido baraye batwaye igikombe ca...

0
  Inyuma y’imyaka itatu umugwi Yang Africans udatwara igikombe na kimwe abarundi batatu aribo Cedric Kaze Umumenyereza Mukuru wa Yang Africans , Niyonkuri Vladmir hamwe...