5.5 C
New York
Saturday, January 23, 2021
Home Burundi Hatanguye gukorwa amatohoza ku nkozi z’ikibi 19 ziheruka gufatwa

Hatanguye gukorwa amatohoza ku nkozi z’ikibi 19 ziheruka gufatwa

Umurwi w’ingabo z’Urwego rushinzwe kugenzura imipaka yo mu Karere k’Ibiyaga Binini, EJMV (Extended Joint  Mechanism of Verification) rugize Inzego z’Inama mpuzamakungu y’Akarere k’Ibiyaga Binini (CIRGL) watanguye gukora amatohoza  ku barwanyi 19  bivugwa ko ari abo mu muhari wa Red Tabara  bafatiwe ku butaka bw’Urwanda.

Abo barwanyi ngo binjiye ku butaka bw’Urwanda baciye mw’ishamba rya Nyungwe, ngo hari kw’igenekerezo rta 29 Nyakanga 2020 baca bafatwa  mpiri mu Karere ka Nyarugusu bafise  n’inkoho, ibikoresho bitandukanye ndetse n’impamba bari bitwaje.

Bakaba berekanwe n’igisoda c’Urwanda. Igipolisi c’Uburundi giciye ku muvugizi waco Pierre Nkurikiye kikaba caheruka gusohora itangazo  gisaba ko Urwanda rwoshikiriza Uburundi izo nkozi z’ikibi bitarinze guca mu zindi nzego.

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....