5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# indundi Sports| Huseein Welo mu nzira yo kumenyereza muri Tanzania

# indundi Sports| Huseein Welo mu nzira yo kumenyereza muri Tanzania

Umumenyereza w’umugwi Inter Star Hussein Welo ari mu biganiro n’umwe mu migwi yo mu gihugu ca Tanzania .

Ivyo Indundi Sports ikaba yabimenye inyuma y’ikiyago gito  yakoranye nawe aho twamubajije impamvu atigeze aboneka mu myimenyerezo w’umugwi Inter Star kuvaho atsindiwe na Athletico Academy ibitsindo 3-2 ndetse akanabura no mu rukino rwahuje Inter Star hamwe na Aigle Noire The Fighters.

Akagira ati:

” Nagiye muri Tanzania kuganira n’umwe mu migwi yo mu gihugu ca Tanzania nkaba ndigaha muri kino gihe naragarutse Imana ibishatse Ku musi wa kabiri Igenekerezo rya 06 Nyakanga 2020 nzosubirayo”

Tumubajije umugwi agiye kumenyereza muri ico gihugu ca Tanzania akaba yashuye ati ” Nzotanga inkuru nyayo ninarangiza gushira umukono Ku masezerano Imana ibishatse ( Insha Allah ) .

Hussein Welo akaba amaze gutwara igikombe c’umukuru w’igihugu ari kumwe na Olympic Star mu mwaka uheze yafashije Inter Star kuyishikana mu rukino rw’igice kimwe gishira icakabiri c’igikombe c’umukuru w’igihugu.

 

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...