bp-members-invitationfeatured sportHandballkirundikirundi_Sportssport_promoted

#indundi sports|Handball: Brothers yanyagiye Intwari

Brothers ni umwe mu mirwi itaramara imyaka ine mw’ihiganwa rya hano i Bujumbura ,uwo murwi ukaba watangujwe na Aimé Vyibuka, umaze kwirihira SOS mbere ukaba waraye utsinze mu buryo butangaje umurwi ukomeye mbere ufise ibikombe vyinshi witwa Intwari ku manota 34 kuri 28.

Mu zindi nkino zakinywe mu mpera z’ino ndwi ku kibuga ca CECINGA mu Ngagara Rumuri yirahiye Friends ku manota 39 kuri 26 , umurwi Rukinzo ucukubita ubutinyagaza Galaxy ku manota 31 kuri 24 .

Mw’ishirahamwe rya Handball i Bujumbura barashima urugezo urwo rukino rugezeko nkuko twavyiganiwe na Nkurunziza Eric batazira Amateur asanzwe ajejwe gutanga amakuru muri iryo shirahamwe.

Indundi imubaza kuvyerekeye imirwi y’abigeme, yamenyesheje ko kubwiwe ihiganwa ry’abigeme ritazoba ryoroshe na gato kubera ko imirwi yose yiteguye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 119