5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home abakinyi bakina hanze #Volleyball:|Rukinzo| Ingabo z' igihugu cacu zatumiwe i Dar es Salaam .

#Volleyball:|Rukinzo| Ingabo z’ igihugu cacu zatumiwe i Dar es Salaam .

Kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu(1000), umurwi wa Rukinzo uzoserukira igihugu cacu mu mahiganwa ya Nyerere cup azobera muri Tanzania i Dar es Salaam .

Uwo murwi umenyerezwa na OPC1 Kabura Cassien ukaba wamaze gusohora urutonde rw’abakinyi 15 uzokwifashisha muri iryo higanwa .

Abo nabo ni :
Bizimungu Patrick.
Ntwari Duc Trésor.
Igiraneza Hugues.
Bamporubusa Éric.
Yvan Dukundane.
Nikeze Olivier.
Bizimana Rodrigue.
Dukundane Yvan.
Niyongabo Fiston.
Ndayipfukamiye Eric.
Bihozagara Darel Christ.
Dushemezimana Innocent.
Girintsinzi Ami Dorcel.
Mutabazi Bienvenu.
Mumari Jackson GoodLuck.
Irakoze Trésor.

Bakazoherekezwa na CP Ntakavura Serge arongoye uwo murwi hamwe n’icegera ciwe CP Emile Manisha , OPC1 Emmanuel Ntakiyiruta asanzwe ari umunyamabanga w’uwo murwi, OPC1 Eustache Ntagahoraho araba igisata c’indero muri uwo murwi , OPC1 Jean Pierre Nzosaba umunyabigega , OPP2 Innocent Karangwa wo mu gisata co gutanga amakuru hamwe na Innocent Iradukunda icegera c’umumenyereza.

Indundi sports ikaba ibifurije urugendo rwiza.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...