5.5 C
New York
Saturday, January 16, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Uwu niwe munyegori muri Primus league ataratsindwa...

# Indundi Sports | Uwu niwe munyegori muri Primus league ataratsindwa n’igitsindo na kimwe

Bamwita Ndikumana Djuma mu mwaka uheze yasamira Ngozi City yakorotse mu cicaro ca kabiri muri kino gihe asamira umugwi Onlympic Star w’i Muyinga .

Mu nkino 5 z’ihiganwa rya Primus league Umugwi Onlympic Star umaze gukina , uwo munyegori amaze gukina inkino 4 abura urukino rumwe gusa ku mvo z’uko atari bwaronke ivyangombwa , rukaba ari urwabahuje bakinye na Aigle Noire .

Kuva yinjiriye mu kibuga nta gitsindo na kimwe baramwinjiza mw’igori ryiwe Aho twovuga mu rukino rwabahuje na buja City batsinze 2-0, urwabahuje na Messager Ngozi batsinze 2-0 , urwabahuje na Bumamuru batsinze 2-0 , mugihe urwabahuje na Muzinga narwo nyene batsinze igitsindo 1-0.

Umugwi Olympic Star ukaba ariwo ubarizwa mu kibanza ca mbere vy’imfata kibanza n’amanota 12 .

Ndikumana Djuma akaba amenyereye ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere bivanye n’imigwi amaze gukinamwo amaze gukinira imigwi ya Ngozi City , Royal Fc , Les Elephants, Magara Stars muri kino gihe asanzwe ari Olympic Star .

 

Must Read

Amafaranga arenga imiriyaridi 343 niwo mutahe utegekanijwe gukoreshwa

0
Amafaranga y’amarundi angana n’imiriyaridi 343 966 281 085 niyo atagekanyijwe kuzokoreshwa nk’umutahe n'amashirahamwe arenga 2500 mu gihe ubuzi burenga ibihumbi 10 butegekanijwe gutangwa n’ayo...