Igihugu ca Kenya casubiye kwugurura amashure inyuma y’amezi arenga indwi yugawe kubera ikiza ca koronavirisi. Abanyeshuri biga mu myaka ya nyuma y’amashuri akora ibibazo vya Reta mu bice bitandukanye, nibo bemerewe gutangura.
Reta ikaba yisubiyeko inyuma yaho yaheruka gufata ingingo ko umwaka w’ishure uzoba impfagusa. Yemeye ko ayo mashuri asubira gutangura ariko hitaweho cane uburyo bwo kwirinda Coronavirus nko kwambara udupfukamunwa, gukaraba intoki no gupima ubushuhe abanyeshuri mbere y’uko binjira mu mashure.
Muri Kenya, ibitigiri vy’abanduye biri hejuru cane. Abantu 41546 nibo banduye coronavirus mu gihe abagera ku 766 aribo bamaze guhitanwa nayo.